31/03/2026
Kubera iki Tel Aviv ubu’u: Sat-B yashatse iki?
Amahoro neza na Kaze muri buno busesanguzi ku ndirimbo nshasha ya SatB yise Tel Aviv.
Mbega Tel Aviv ni iki? Ni umugwa mukuru w’ubutunzi hamwe na diplomatie vy’igihugu ca Israël kikaba n’igisagara gikuru c’ico gihugu. Umugwa mukuru wa politike akaba ari Jérusalem, igisagara ho kuva kera cane.
“…pour le moment twese turi libres, nidushake tuje Tel Aviv…” mbega Tel Aviv ni co gisagara ubu abakundana boja kuryohererwamwo kandi kirangwamwo umutekano muke? Ahibambawe!
Mwibuke ko Israël iri mu ntambara na Iran kandi Tel Aviv ari ho habangamiwe cane.
None ni kubera iki SatB yahisemwo gukoresha Tel Aviv muri iyo ndirimbo akanayita gurtyo?
1. Mu bijanye no kuririmba ndetse no kurimbanya ibintu muri rusangi, birasaba ko haba ihamagarana n’igarukagaruka ry’amajwi kugira ngo biryohere ugutwi n’umutima ku wuririmba, canke biryohere ijisho ku wusoma ivyanditse.
=> …libres …..viv …birahamagarana cane.
Ubundi ibisagara bituje kandi bifise vibes ku bantu bikundanira kandi bashaka kuryoherwa ni vyinshi kw’isi, yari guhitamwo n’ikindi iyo itaba iyo mvo duhejeje gusigura.
2. Mu bijanye n’imyidagaduro n’uburimbanyi muri rusangi, birasaba ko ujana n’ibiba biriko biravugwa cane muri ivo gihe canke ugakoresha amazina y’ahantu canke abantu baba bahanzwe amaso na benshi kw’isi. Ivyo bituma bakibona gusa iryo zina Tel Aviv umwe wese yibaza ivyo ari vyo, n’ico ico gisagara coba cabaye, na canecane ko baba bazi ko kibangamiwe na Iran mu ntambara barimwo. Iki bituma iyi ndirimbo ishobora no kurabwa cane kandi n’abo ku mugabane wa Asia Israël na Iran hamwe n’ibihugu bigenzi vya kimwekimwe cose muri ivyo vyo ku migabane yose y’isi barondera kumenya ico gishasha cabaye kuri Tel Aviv.
Ibindi tutokwirengagiza kuvuga kuri iyi ndirimbo, ni ibijanye n’urya mu queen video.
1 mu ntango avyifamwo neza aho akina neza ibijanye n’ukurakazwa no kubona hari umudemu yahaye bizu SatB gushika n’aho yicapa kumenya ico gishasha mpuzu yiwe! Yabibonye ariko arahitamwo impuzu amesurira SatB, gurtyo aja kubaza SatB nk’umugabo wiwe ngo amusigurire ivyo ari vyo.
Muri video bigaragara Sat yisigura kandi akamutahuza ko ari uwo yariko yumvisha ko yifitiye uwundi atesa ari we w’urya mu queen video ataho vyova ngo amuhemukire.
Ahabaye aka erreur rero ni aha hakurikira
Inyuma yo kwumva izo nsiguro zimushira hejuru, zimutaka, ntiyigeze yerekana umunezero, akamwemwe canke kwishimira ko afise umugabo nk’uwo adahemuka. Queen video we ku mashusho yagumye aboneka atamwenyura, ataryohewe nk’uko umenga ntiyumva ibivugwa mu ndirimbo ariko ara actingamwo mugihe tuzi ari umunyarwandakazi ikirundi aba acumva à 95%.
N’aho yari kuba uwuvuye mu kindi gihugu atumva ikirundi, aha haba hageze igikorwa c’umuririmvyi nyene indirimbo hawe na team yiwe (canke management yiwe)gusigurira queen video indirimbo ico ivuga mu rurimi yumva neza, hamwe no kumubwira ingene yokwifata muri buri gace kose kagize indirimbo.
Aha kandi twonavuga ko habaye ugisamara k’uwakoze video Elarts hamwe na team yiwe mu kurondera gufata amasanamu asigura ibihe bikurubikuru biba bigize indirimbo.
Ikindi n’uko urya mu queen video ata émotions na sentiments agaragaza muri irya ndirimbo mugihe yo ubwayo iri tellement émotionnelle et sentimentale.
Aha naho nyene, iyo mirwi ibiri yari kugira uruhara mu kuyobora uwo mu queen video ku bijanyen’ingene yokwifata.
Icanyuma n’uko biboneka muri video umenga SatB yaratinya urya mu queen video, ntiyamwisanzuyeko nk’uko indirimbo ubwayo ibivuga. N’inyuma yo kwisigura akumvirwa, ntiyirekuye cane nk’uwuhejeje kwinjiza igitego nka kirya mu rukundo.
Ibindi vyose mu ndirimbo bimeze neza cane, SatB mubimuhere amashurwe yiwe, indirimbo iraryoshe cane audio na video muri rusangi uretse utwo twabaciyemwo tuvuze haruguru.
Ivyo tuvuze nawe woba warabibonye? Ja kuyiraba kandi uheze uhinyuze ko tubeshe!
Usanze hari ico tutavuze nawe ukivuge, gishikire abo cega.
Wibuke kugira suivre/follow nimba utarabikora. Musangize abandi ubu busesanguzi bushikire n’abo vyega gurtyo ubukurikira bazobikorereko kuko twese dushaka iterambere rya indasi y’umuziki w’Uburundi ko rigera ku rundi rwego. Murakoze