16/03/2025
Inkuru ya wa mugore yashaje n'Intumwa Muhammad (ﷺ)
Umunsi umwe, hari umukecuru yari atuye i Maka, ariko ntiyakunda intumwa y'Imana Muhammad (ﷺ). Yatekereza ko inyigisho ziwe zihungabanya umuryango wiwe, maze afata ingingo yo kwimuka ava muri uwo mugi. Yateranye ibintu vyiwe mu mufuko munini hanyuma aragenda.
Mu nzira, yahuye n’umugabo amubwira ati:
“Ndagufasha gutwara ivyawe.”
Umukecuru aramwemerera, baragenda baraganira. Uwo mukecuru yarashavura cane, avuga nabi Muhammad (ﷺ), avuga ko ari umuntu mubi, kandi ko yotegerezwa guhunga inyigisho ziwe.
Uwo mugabo ntaco yamwishuye, yaramwumviriza gusa, aramufasha gushika iyo yajanye. Amaze gushika, umukecuru aramushimira cane, ati:
“Uri umugabo mwiza cane! Mbega witwa nde?”
Uwo mugabo aramuraba, aramwishura buhoro ati:
“Nitwa Muhammad (ﷺ).”
Umukecuru aca aratangara cane, arumirwa! Yari yamaze kubona ubuntu, ukwicisha bugufi, n'urukundo rwiwe. Ako kanya, umutima wiwe warahindutse, aramenya ko Muhammad (ﷺ) atari umuntu mubi nk'uko yabwiwe.
Icigwa twovoma muri iyi nkuru
Intumwa y'Imana Muhammad (ﷺ) yarangwa n’urukundo, ukwihangana, n'ubuntu. N’aho abantu bamuvuga nabi, ntiyigera ababwira nabi. Ahubwo yagaragaza ineza, ari naco catuma benshi bamwemera.